Umushikiranganji wa Isirayeli wo kwivuna abansi, Benny Gantz arashika kuri uyu wa kane muri Reta zunze ubumwe za Amerika kuganira n’abategetsi batandukanye ku twigoro amakungu arimwo two kunagura amasezerano yo mu 2015 ya Nikleyeli na Irani. Ayo masezerano Irani ntiyerekwa.
Umushikiranganji Gantz ategekanya kubonana na mugenzi we wo kwivuna abansi w’Amerika, Lloyd Austin, hamwe n’uw’imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, ndetse n’umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu, Jake Sullivan.
Ibihugu rutura bimaze igihe mu biganiro i Vienne muri Otrishiya kuva mu ntango z’ukwezi kwa kane mu ntumbero yo kugarukana Amerika muri ayo masezerano na Irani. Amerika yayakuwemwo n’uwahoze ari perezida, Donald Trump mu 2018.
Idohoka rya Amerika muri yo hamwe no gufatira ibihano Irani vyatumye Irani yongereza ibikorwa vyo guhingura ubumara bwa Nikleyeli.
Perezida Joe Biden, yavuze ko yiteguye gusubira muri ayo masezerano, ariko Isirayeli yo ivuga ko iteye kubiri nayo. Isirayeli ifise ubwoba ko ayo masezerano azotuma Irani ironka ikirwanisho ca Nikleyeli. Irani yo ibandanya ivuga ko umugambi wayo wa Nikleyeli ari uw’amahoro.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu, ku musi wa kabiri yavuze ko Isirayeli itazotinya gutakaza imigenderanire na Amerika, ikirwanira mu kurwanya ko Irani ironka ikirwanisho ca Nikleyeli.