Somaliya: Amatora y'Abashingamateka ni mu Minsi 60

Perezida wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Mohamed ashikiriza ijambo intumwa zitabiriye ibiganiro ku matora. Mogadishu, Somaliya, kw'itariki ya 27/05/2021

Abanyeporitike muri Somaliya bemeranije kuri uyu wa kane urupapuro rw’inzira ruzobashikana ku matora, mu cizere co kurinda intambara ishingiye kuri poritike ishobora kwaduka muri ico gihugu co mw’ihembe rya Afrika.

Ayo masezerano yateweko imikono n’umushikiranganji wa mbere, Mohamed Hussein Roble, hamwe n’abakuru b’amareta atanu, ategekanya ko amatora y’abashingamateka atangura mu minsi 60.

Mw’ijambo yashikirije mu birori vyo gutera umukono kuri ayo masezerano yapfunditswe inyuma y’ibiganiro vyamaze imisi ine ku murwa mukuru Mogadishu, Roble yavuze ko reta yiyemeje kuyashira mu ngiro. Roble yasavye abakuru b’amareta yose kwubahiriza ico kirangamisi c’amatora.

Somaliya yari yateguye gutunganya amatora mu mwaka uheze, ariko ntiyabaye kubera impari za poritike hamwe n’umutekano muke warushirije guhungabanywa n’abarwanyi ba al-Shabab.