Perezida wa Mali w’imfatakibanza, Bah Ndaw n’umushikiranganji wa mbere, Moctar Ouane batanze imihoho, nkuko vyashikirijwe n’umutegetsi mu kagwi k’abasirikare kigaruriye ubutegetsi. Ni inyuma y’imisi ibiri bafashwe bagafungwa, bakwa ubutegetsi mu gisa na kudeta ya kabiri muri ico gihugu mu mezi icenda.
Akanama kajejwe amahoro n’umutekano muri ONU, kuri uyu wa gatatu, kaneguye kivuye inyuma ikurwa n’ihagarikwa rya perezida wa Mali w’imfatakibanza n’umushikiranganji wa mbere vyakozwe n’igisirikare. Gasaba ko reta isubira mu minwe y’abasivile.
Ariko ako kanama ntikaganiriye ku gufata ibihano kandi ntikavuze ko ari kudeta ya poritike. Mw’ijambo ryumvikanyweko n’abagize ako kanama bose, basavye ko abo bategetsi bafunzwe berekurwa vyihuta ata kibanje gusabwa kandi abasirikare basabwa gusubira mu makambi yabo badatevye. Ako kanama kongeye gusaba ko ubutegetsi buhabwa abasivile inyuma ya kudeta y’abasirikare yabaye kw’itariki ya 18 y’ukwezi kwa munani 2020.