Netanyahu Yahakanye Akamo ka Biden ko Guhagarika Ibitero muri Gaza

za muzinga za Isirayeli ziriko zirasa muri Gaza

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu kuri uyu wa gatatu yanse kwumvira akamo yatewe na Perezida Joe Biden wa Reta zunze ubumwe za Amerika ko guhagarika ibitero vy’indege ku muhari Hamas muri Gaza. Ni akamo kagana ku guhagarika burundu imishamirano iri mu ndwi igira kabiri. Netanyahu yavuze ko yiyemeje kubandanya ibitero kugeza intego yiwe ishitsweko, abanyagihugu ba Isirayeli bakaronka amahora.

Isirayeli n’abarwanyi b’umuhari Hamas i Gaza bongeye guterana ibisasu kuri uyu wa gatatu, naho akarere n’amakungu bariko baragerageza ko imirwano icureha. Utwo twamo turimwo n’utwigoro twa Perezida Biden yaganiriye ku ncuro ya kane na Netanyahu kuva iyo mishamirano yaduka mu ndwi iheze.

Perezidanse ya Amerika, White House, yavuze ko Perezida Biden yabwiye umutegetsi wa Isirayeli ko yiteze ko imirwano ihagarara uyu musi. Ibiro vya perezidanse vyanse kugira ico bivuga ku cokurikira igihe Isirayeli yobandanya gutera Gaza.

Umugwi w’abahinga ba ONU muvy’agateka ka zina muntu wavuze ku musi wa kabiri ko ibitero vy’indege za Isirayeli mu bice bibamwo abantu benshi muri Gaza ari ibitero ku basivile no ku matungo yabo. Ariko kandi bavuga ko ibitero vya roketi vy’abarwanyi b’abanyepalestina muri Isirayeli bibangamiye umutekano w’abanyagihugu, kandi ibiriko bikorwa n’izo mpande zibiri bishobora kwitwa ivyaha vyo mu ntambara.