Amerika Yabohoye Batatu mu Mbohe z'i Guantanamo

guantanamo bay court

Batatu mu banyororo 40 bagisigaye mw’ibohero ry’igisirikare ca Amerika rya Guantanamo, muri Cuba, baremerewe kurekurwa, nkuko uwufasha kuburanira umwe muri bo yabivuze kuri uyu wa kabiri. Babaye aba mbere bemerewe kubohorwa ku butegetsi bwa Perezida Joe Biden.

Abo bagabo batatu bagizwe n’abanyepakistani babiri hamwe n’umwe yamuka muri Yemeni, bafashwe inyuma y’igitero c’iterabwoba cabaye muri Amerika kw’itariki ya 11 y’ukwezi kw’icenda 2001. Pakistani iremera kwakira abenegihugu bayo bafungiwe i Guantanamo, ariko Yemeni ntibirakunda kuko ivuga ko igifise ikibazo c’umutekano kiriyo.

Nta n’umwe muri abo batatu yari yaregetsweko icaha, nkuko biri no ku bandi nka bose bakiboheweyo. Perezida Biden araremerewe n’abamusaba kubohora imbohe z’i Guantanamo ataco zagirizwa, no gucira imanza abagirizwa ko bafatanije na Al-Qaeda.

Reta ya Amerika yavuze ko igomba kubaburanishiriza muri sentare za gisirikare, ariko izo mbohe zidoga ko vyatevye.