Ugushamirana hagati ya reta hamwe n’abarwanyi b’Abatalibani muri Afuganistani kwongeye kuba mu gatondo ka kare ko kuri uyu w’Imana. Ni inyuma y’imisi itatu y’agahengwe yari yemejwe n’izo mpande zibiri kugira hubahirizwe ihimbazwa ry’umusi mukuru urangiza amafungo y’abayisilamu, Eid al-Fitr.
Igisirikare ca Afuganistani cemeye ko inteko zaco zasubiye gutanguza imirwano yo gutuza iterabwoba i Lashkar Gah, ku murwa mukuru w’intara ya Helmand. Ico gisirikare kivuga ko cishe abarwanyi barenga 20 b’Abatalibani, barimwo umukomanda akomeye. Perezida wa Afuganistani, Ashraf Ghani yabwiye abakuru biwe b’ingabo ko mu gihe Abatalibani bahisemwo kubandanya barwana, ata nkeka igisirikare kizobandanya kurwanira igihugu.
Abatalibani ntibaravuga kuri uko kwongera kurwana muri iyo ntara ya Helmand. Imirwano ikomeye yongeye kugaragara muri iyo ntara kuva kw’itariki ya mbere y’ukwezi kwa gatanu, igihe Amerika n’umuryango OTAN batangura gukura abasirikare babo muri Afuganistani.
Agahengwe ko guhagarika imishamirano mu kiringo ca Eid al-Fitr kabaye ku mwumvikano hagati y’Abatalibani na reta ya Afuganistani. Ariko n’ubwo bir’uko, abo barwana muri Afuganistani, ku musi w’Imana baragirizanije guca kubiri n’ayo masezerano no kwica abasivile. Bombe zatewe ku musigiti, ku murwa mukuru Kabul ku musi wa gatanu zishe abantu 12 bariko barasenga, barimwo umurongozi wabo.