OMS: Abandura Covid-19 Baragabanutse mu Burayi

Abakira abarwayi ba Covid-19 i Paris

Umuyobozi wa OMS ku mugabane w’Uburayi, Hans Kluge, yavuze kuri uyu wa kane ko ibitigiri vy’abantu bashasha bandura Covid-19 vyagabanutse bishimishije mu ndwi iheze ku ncuro ya mbere mu mezi abiri.

Kluge yavuze ko abinjizwa ibitaro hamwe n’abapfa bagabanutse mu ndwi iheze, ariko aragabisha ko uwo mugera ukiri intambamyi, kuko abandura bakiri benshi mu bindi bice vy’isi.

Yavuze ko ukwitwararika amagara ku bantu, ingingo zo kwirinda kwandura hamwe no kwicandagisha ari vyo bizohagarika uwo mugera. Yemeza ko gucandaga imigwi y’abantu bafise amagara make hamwe n’abakora mu buvuzi, vyatumye ibitigiri vy’abapfa bigabanuka.