Papa Fransisiko mu Rugamba rwo Kurwanya Ruswa i Vaticano

Papa Francisiko i Vaticano

Papa Fransisiko kuri uyu wa kane yarasohoye itegeko rirwanya ruswa, risaba abategetsi b’I Vatikano barimwo abakardinal gusinya urwandiko bacinjira mu mabanga, bemeza ko ata matohoza ariko arabakorwako canke ko ata caha kibakurikirana kijanye n’iterabwoba, no kuba badakurikiranwa n’uko badatanga amatagisi.

Aya mategeko mashasha ari mu rugamba Papa yamyemyo rwo kurwanya ibiturire mu bategetsi ba Ekleziya Katolika.

Ibaye ingingo ruhasha afashe kuva ashikiriye ubutegetsi haraheze imyaka umunani, kugira ntihagire abakozi b’I Vatikano baja mu bikorwa vy’ubunyonyezi bw’amafaranga.

Vatikano yaravuzwe cane mu busuma bujanye n’amafaranga kandi Papa yiyemeje kurwanya ruswa mu bategetsi bamukikuje.