Abategetsi b'Isi mu Nama Mpuzamakungu ku Gukingira Ibidukikije

Abakuru b’ibihugu vyo kw’isi batari bake vyitezwe ko bashikiriza ijambo kuri uyu wa kane, ku musi mpuzamakungu wahariwe ubutaka, mu nama y’ihindagurika ry’ibidukikije izoba hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, izoba irongowe na perezida Joe Biden.

Abitezwe kugira ico bashikirije barimwo umunyamabanga mukuru wa ONU, António Guterres, perezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson. Abandi ni shanseliye w’Ubudagi, Angela Merkel, perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, uwa Bresil, Jair Bolsonaro hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi.

Iyi nama mpuzamakungu kw’ihindagurika ry’ibidukikije ni kimwe mu twigoro twa Perezida Biden two gusubiza Amerika ku burongozi bw’isi kw’ihindagurika ry’ibihe, inyuma y’aho uwo yasubiriye Donald Trump yagaragaje ko yafashe ico kibazo minenerwe. Mu mwaka wa 2015, Donald Trump yarakuye Amerika mu masezerano y’i Paris ku bidukikije, Perezida Biden aca ayasubiramwo inyuma yo gushika ku butegetsi.