Urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi, CNC, rugabisha abarongoye ibinyamakuru bakoresha abantu batagira ikarata ndangamwuga ko bagiye gufatirwa ibihano.
Inyuma y'inama y'abagize urwo rwego mu kigo c'abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura kuri uyu wa gatatu, icegera c'umukuru wa CNC yanavuze ko ikibazo c'amaradiyo yugawe canke yafatiwe ibihano kikiriko kirigwa ariko ikinyamakuru cose kikagira ibiganiro ku giti caco hisunzwe imvo zatumye gifatirwa ibihano.
Inkuru Iramvuye fyonda aha munsi.
Your browser doesn’t support HTML5