Abahinga Basaba ko Afrika Yoronswa Amahinguriro y'Incanco

Ibikorwa vyo gucandaga i Johannesburg, muri Afrika y'Epfo, Kw'itariki ya 26/03/2021

Abakuru b’ibihugu vya Afrika hamwe n’abategetsi bajejwe amagara y’abantu ku rwego mpuzamakungu bavuga ko amasosiyete ahingura incanco akwiye no kuja muri Afrika kugira Covid-19 hamwe n’ibindi bibazo vy’amagara y’abantu birwanywe. Ni mu gihe Afrika yahagurukiye gucandaga abanyagihugu bayo.

Abahinga, abaperezida ba Afrika, hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu atanga imfashanyo, bari mu nama muri iyi ndwi bifashishije ubuhinga bwa videwo. Iyi nama itumbereye gushira hamwe umugambi wo kwongereza ubushobozi bwo guhingura incanco ku mugabane wa Afrika.

Kugeza ubu, Afrika y’Epfo ni co gihugu ca mbere gihingura incanco nyinshi ku mugabane, kandi iza yaratanguye gukora urucanco rwa COVID-19.

Afrika ni yo ifise ibitigiri bike vy’abanduye ugereranije n’iyindi migabane y’isi, kandi amasekeza yo guhimiriza abantu kwicandagisha nta muvuduko yakozwemwo muri Afrika. Kimwe ca kane c’abamaze kwicandagisha kw’isi bari muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, avuga ko ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere vyashizwe inyuma mw’igabanganwa ry’urucanco.

John Nkengasong, umuyobozi w’ikigo ca Afrika kijejwe kugenzura no gukinga ingwara, avuga ko umugabane wa Afrika ubako umuriyaridi 1 n’imiriyoni 300 z’abantu wahawe incanco ziri ku rushi kandi 99 kw’ijana ryazo zikorerwa hanze.