Abanyororo barenga 1,800 batorotse ibohero, inyuma y’aho abagabo bitwaje ibikoho bikomakomeye batereye ibohero ryo mu bumanuko bwa Nijeriya bakoresheje ibisasu biturika. Abategetsi bajejwe amabohero babitangaje kuri uyu wa mbere.
Abantu bitwaje ibirwanisho batazwi binjiye mw’ibohero ry’i Owerri, muri reta ya Imo, barasana n’abacungera ibohero hanyuma batorokesha abanyororo, nkuko vyashikirijwe na James Madugba, umuvugizi w’ikigo kijejwe amabohero muri iyo reta. Yavuze ko baje mu miduga n’ama bus imbere y’uko batera.
Nta murwi canke umuhari wiyitiriye ico gitero, ico Perezida Muhammadu Buhari yise ic’iterabwoba kandi avuga ko cakozwe n’abarobeli. Yasavye abajejwe umutekano gufata abo bagizi ba nabi no kugarukana izo mbohe.
Amabohero mu bihugu vyinshi vya Afrika afise imbohe z’umurengera, kandi abarenga 70 kw’ijana bafungwa imyaka myinshi bataranumvirizwa.
Reta ya Imo ni imwe mu ntara zirangwamwo imirwi yipfuza kwiyonkora ku gihugu kandi ugutana mu mitwe hagati y’abategetsi ku rwego rw’igihugu n’abanyagihugu b’abasangwabutaka kwama kwabaye.