Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kane yashimye inama yatangajwe n’ishirahamwe rya Buraya, inama izorihuza na Irani kandi yavuze ko yiteguye gufata intambuko mu gusubira mu masezerano ya Nikleyeli.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, Ned Price, yabwiye abamenyeshamakuru ko iyi ari intambwe nziza.
Ishirahamwe rya Buraya ryatangaje ko kuri uyu wa gatanu hategekanije ibiganiro hagati y’ibihugu bigisigaye muri ayo masezerano yo mu 2015 arivyo Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi, Uburusiya na Irani. Ni inama icira inzira ukugaruka kwa Amerika.
Perezida Joe Biden arashigikiye ayo masezerano yasuzuguwe n’uwo yasubiriye Donald Trump, ariko reta nshasha yiwe yashimitse ivuga ko Irani ari yo ikwiye kubanza kugaruka kwubahiriza ibiri muri ayo masezerano vyose.
Irani ikeneye ko Amerika ikuraho ibihano vyashizweho na Trump imbere yo gusubira kwubahiriza ivyo yiyemeje.