Intumwa idasanzwe ya ONU muri Myanmar yasavye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kugira ico gakoze kugira gakinge intambara hagati y’abenegihugu no gusesa amaraso bishobora kuba muri ico gihugu.
Abantu barenga 520 baramaze gupfa mu myiyerekano ya buri musi yatanguye kuva igisirikare gikuye ku butegetsi umutegetsi yatowe, Aung San Suu Kyi, kw’itariki ya 1 y’ukwezi kwa kabiri.
Christine Schraner Burgener, yingize ako kanama gukoresha uburyo bwose bushoboka, kagakora ikibereye, ico abanyagihugu ba Myanmar bakwiriye kandi bagakinga ubwicanyi.
Yavuze ko inzira y’ibiganiro yuguruye, ariko ko mu kurindira ko abakoze kudeta bitegura kuganira, ibintu bishobora kuyangara, amaraso agaseseka ku bwinshi.
Kuri uyu wa gatatu, ababuranira Suu Kyi bavuze ko amagara y’uwo mutegetsi yifashe neza naho amaze amezi abiri apfunzwe.
Ibihugu rutura vyaramiriye kure ubwicanyi bukorerwa abakora imyiyerekano kandi abategetsi mu basirikare bakoze kudeta barafatiwe ibihano, ariko gushika ubu ntakirahinduka.