Amareta ya Mexique na Guatemala yatanguje ibikorwa vya gisirikare n’igiporisi ku mbibe bisangiye, bigamije guhagarika amasinzi y’abimukira bafise ivyizigiro vyo gushika muri Reta zunze ubumwe za Amerika.
Reta ya Perezida Joe Biden yararungitse intumwa muri ivyo bihugu bibiri ku musi wa mbere gusaba ko vyofasha, mu gihe yarengewe no kugenzura ubwo bwinshi bw’abimukira bamenera ku rubibe rwayo rwo mu bumanuko.
Umukuru w’ikigo ca Mexique kijejwe abimukira, Francisco Garduno, yavuze ko abakora urudandaza rwo kugurisha abantu bariko babashuhurira ku rubibe rwa Amerika. Garduno yavuze ko hagiye kuba ugucungera bikomeye ku rubibe rwa Mexique, no ku mabarabara makuru makuru n’ayo indarayi kugira abo bimukira bahagarikwe.
Ku ruhande rwa Guatemala, icegera c’umushikiranganji w’imigenderanire, Eduardo Hernandez yavuze ko reta yiwe iriko iragerageza guhamagarira ibihugu abo bimukira baturukamwo kugira bibace intege zo gufata ayo mayira.
Ibihumbi vy’abantu, benshi bamuka muri El Salvador, Honduras na Nicaragua bamaze imisi bafata izo ngendo, aho bavuga ko bahunga ubwicanyi hamwe n’ubukene birangwa mu bihugu vyabo.
Mu kwezi kwa kabiri, abakorera ku rubibe rwa Amerika bavuze ko abimukira baharurwa mu 100 000 bashitse ku rubibe rwo mu bumanuko. Amerika yemeza ko ibi bitigiri bitari bwigere biduka uku mu myaka 20.