Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin kuri uyu wa kane yasavye perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, ko baganira babonana hakoreshejwe ubuhinga bwa video conference. Ni inyuma y’aho umutegetsi wa Amerika amwise ko ari “umwicanyi”.
Mw’ijambo yashikirije aho Uburusiya bwibuka imyaka indwi irangiye Uburusiya bwigaruriye intara ya Crimea, Perezida Putin yatumiye Perezida Biden kuganira mu misi iri imbere.
Yavuze ko yipfuza ko vyoba kuri uyu musi wa gatanu canke kuwa mbere.
Putin avuga ko yibaza ko coba ikiganiro cuguruye kandi gishobora kuzohimbara abanyagihugu b’Uburusiya na Amerika.
Mu kiganiro yahaye televiziyo ABC yo muri Amerika ku musi wa gatatu, abajijwe nimba yibaza ko Perezida Putin, yagirijwe guha ishano uwo batavuga rumwe, Alexei Navalny, ari "umwicanyi", Biden yishuye ko ari vyo.
Ivyo vyavuzwe na perezida wa Amerika vyunyuye icuka kibi gisanzwe kimaze imyaka mu migenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri. Ku musi wa gatatu Uburusiya bwaciye butumako ambasaderi wabwo i Washington asubira i Moscou mu mibonano yihuta.