Abategetsi muri Amerika, bariko bakurikiranira hafi mu bwitonzi ingingo y’Uburusiya bwatumyeko ambasaderi wa wabwo i Washington mu mubonano kw’ihungabana ry’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bwisigura ko bwatumyeko ivy’agateganyo ambasaderi Anatoly Antonov, kugira bongere basubiremwo ivy’imigenderanire hagati y’Uburusiya na Amerika. Yavuze ko batumbereye gukinga ivyoyangara mu bijanye n’imigenderanire, nimba Abanyamerika babona ingaruka bishobora gutera.
Ibi Uburusiya bubitangaje inyuma gato y’aho kuri uyu wa gatatu mu gitondo, perezida wa Amerika, Joe Biden, mu kiganiro kuri Televiziyo ABC yo muri Amerika avugiye ko perezida Vladimir Putin w’Uburusiya azoriha ikiguzi ku bikorwa vyiwe bigayitse.
Biden yavuze kandi ko yibaza ko Perezida Putin ata mushaha agira kandi ko Putin yaciye amwishura amubwira ko batahurana uko ari babiri.
Abajijwe nimba yemeza ko perezida Putin ari umwicanyi, Perezida Biden yishuye avuga ko ariko abizi.
Biden imbere y’aho yari yategetse ko hasohorwa raporo yo mw’ibanga y’iperereza ivuga ko ibimenyeshamakuru mu Burusiya, abatera agasomborotso bakoresheje imbuga ngurukana bumenyi, barimwo ababikoze bategetswe n’igendereza ry’Uburusiya. Harimwo gurtyoza Perezida Biden, umuryango wiwe n’umugambwe w’abademokrate, ndetse n’umuhungu wiwe.
Uburusiya hamwe na Irani biradomwako urutoke na Amerika ko vyakoze utwigoro two guhungabanya amatora muri Amerika.
Umuvugizi wa perezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yavuze kuri uyu wa gatatu ko raporo y’igendereza rya Amerika ari ibinyoma kandi ataho ishingiye kandi itagira ivyemeza.