Reta ya Somaliya kuri uyu wa mbere yatangaje ko yakiriye incanco 300 000 z’ihinguriro Oxford-AstraZeneca, zatanzwe n’umugambi mpuzamakungu wiswe COVAX, wo guha incanco ibihugu bifise amikoro make.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, rivuga ko iki ari igice ca mbere mu ncanco umuriyoni 1 n’ibihumbi 200 Somaliya izoronswa. Zizocandaga abakozi 600 000 bo mu buzi burimwo abakora mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’iyindi migwi y’abantu ibangamiwe kuruta iyindi.
Somaliya yatangaje ko ifise umugambi wo kuronswa incanco zikwiye zo mu mugambi COVAX zizocandaga n’iburiburi ibice 20 kw’ijana vy’abanyagihugu bayo barenga imiriyoni 15.
Izi ncanco zishitse mu gihe Somaliya iriko irahangana n’ibindi bitigiri bishasha vy’abandura COVID-19. Ku musi w’Imana, abantu 244 baratangajwe ko banduye mu bantu 2 028 bapimwe. Reta yatangaje abantu 18 bashasha uwo mugera wahitanye, bica bishikana ku bantu 367 bamaze gupfa. Abamaze kwandura muri rusangi ni 9 190.