Amerika Ishigikiye Isirayeli mu Kwiyamiriza Amatohoza ya CPI

Umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, Ned Price mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington, DC, kw'italiki ya 9/02/2021

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu yaneguye sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI ku ngigo yafashe yo kwugurura itohoza ku vyaha vyo mu ntambara vyoba vyarakorewe mu ntara za Palestina.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu, Ned Price, yabwiye abamenyeshamakuru ko Amerika idashigikiye ayo matohoza kandi izoguma ku ruhande rwa Isirayeli.

Fatou Bensouda, umushikirizamanza mukuru wa CPI, yavuze ko afise ivyemeza ko impande zose zidacana uwaka muri ako karere, ari zo Isiraeli na Palestina zifise uruhara mu bwicanyi cane cane bwo mu 2014 mu ntara ya Gaza, bwahitanye abantu barenga 2000.

Ned Price avuga ko Amerika izobandanya gushigikira Isirayeli hamwe n’umutekano wayo harimwo n’ico cose coza kuyirenganya. Yongeyeko ko Isirayeli itemera iyo sentare.

Naho ariko ahura n’inzitizi ziva kuri Isirayeli na Amerika, Fatou Bensouda, yatangaje ko atariko arasubira inyuma kuri ayo matohoza y’ivyabereye muri Gaza n’intara ya Cisjordaniya.

Ku ntwaro ya perezida Donald Trump, Amerika yarafatiye ibihano Bensouda, inyuma y’aho afatiye ingingo yo gutohoza ku vyaha vyo mu ntambara vyoba vyarakozwe n’abasirikare ba Amerika muri Afuganistani.

Ned Price yavuze ko Perezida Joe Biden ashira imbere gukorana n’iyo sentare, ko ashigikiye iyubahirizwa ry’agateka ka muntu n’ubutungane bw’abakorewe ubwicanyi, ariko ntarahanagura ivyo bihano. Yavuze ko gukura ivyo bihano kuri Bensouda bikiri mu mwihwezo.