Sena ya Amerika Yemeje ko Urubanza rwa Trump Ruburanishwa

Abasenateri ba Reta zunze ubumwe z'Amerika, bashashe mu rubanza rwa Donald Trump. ku musi wa kabiri, itariki 9/02/2021.

Sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yatoye iremeza kuri uyu wa kabiri ko urubanza rw’uwahoze ari perezida, Donald Trump, ruburanishwa.

Kwemeza nimba gukurikirana perezida yarangije amabanga yiwe vyemewe n’ibwirizwa shingiro ry’Amerika, abasenateri 56 bavyemeje, 44 barabihakana. Ibi bitumye uru rubanza rubandanya kuri uyu wa gatatu.

Abashinganateka b’abademokrate bariko baraburanya Trump bavuze ko uwo yahoze ari perezida abwirizwa gukurikiranwa ku vyo yakoze mu ndwi ziwe za nyuma ku butegetsi.

Abashingwamanza baburanira Trump bavuga ko ibwirizwa shingiro rya Reta zunze ubumwe z’Amerika, ritemera guhana umuperezida akiri ku butegetsi. Bisigura bavuga ko ikiringo ciwe c’imyaka ine carangiranye n’itariki ya 20 y’ukwezi kwa mbere, igihe Biden yashikirizwa uburongozi.

Abademokrate bifashishije amasanamu ya videwo yerekana ivyabaye ku ngoro ya Congress kw’italiki 6 z’ukwezi kwa mbere, aho abanywanyi ba Trump batera iyo nyubako, abashingamateka n’abasenateri barashwiragira kwinyegeza.

Trump, yahamagariye abo bayoboke biwe guhangana n’abashingamateka bariko baremeza intsinzi ya Biden. Ico caha yaracagirijwe n’abashingamateka indwi imwe inyuma y’aho.

Bisaba ko haboneka bibiri vya gatatu vy’amajwi y’abasenateri, n’ukuvuga abasenateri 17 b’abarepublikani biyunga na bagenzi babo b’abademokrate, kugira Trump yagirwe n’ico caha. Muri iki gihe sena irimwo abasenateri 100 bagabuye kuri 50-50 hagati y’abarepublikani n’abademokrate.

Abashingwamanza ba Trump bo bategekanya kuzobwira Sena ko uwo baburanira ari umwere, ko amajambo Trump yavuze, ari uburenganzira bwiwe, ahabwa n'ibwirizwa shingiro, bwo gushikiriza akari ku mutima wiwe.

Urubanza ruzoza ruraba buri musi, ariko kuwa gatanu no kuwa gatandatu hazoba akaruhuko. Ruzosubira kuburanishwa kuwa mungu.