Afrika y'Epfo Yaronse Incanco za Mbere za Covid-19

Abakozi bariko barapakira incanco za mbere za COVID-19 igihe zashika ku kibuga c'indege i Johannesburg, kw'italiki 1/2/2021

Igihugu ca Afrika y’Epfo caronse incanco za mbere za Covid-19, mu vyizigiro vy’uko mu ndwi zibiri ziri imbere abanyagihugu bagiye kuzotangura gucandagwa.

Perezida Cyril Ramaphosa, hamwe n’abandi bategetsi ni bo baje kwakira izo ncanco zahinguwe n’ishirahamwe AstraZeneca, ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Johannesburg ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere.

Abategetsi bavuze ko izi ncanco za AstraZeneca zaguriwe mw’ihinguriro ryo mu Buhindi.

Ramaphosa yavuze ko izi za mbere zizohabwa ubwa mbere abakora mu buvuzi bangana umuliyoni umwe n’ibihumbi amajana abiri.

Afrika y’Epfo iza ku mwanya wa mbere ku mugabane wa Afrika mu kuronka abantu benshi banduye, bangana umuliyoni 1 n’ibihumdi amajana ane kuva umuntu wa mbere yandura mu kwezi kwa gatatu.

Ibindi bice vyo ku mugabane wa Afrika birindiriye incanco hafi imiliyoni 300. Afrika y’epfo ibaye igihugu kigira gatanu ca Afrika kigiye gutangura gucandaga abanyagihugu, inyuma ya Maroke, Misiri, amazinga ya Seychelles na Guineya.