Abategetsi b’ibihugu vyo mu burengero bw’isi basavye irekurwa ry’uwutavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburusiya, Alexei Navalny, yafashwe ku musi w’Imana agishika ku kibuga c’indege i Moscou, inyuma yo kuva kuvurirwa mu Budagi.
Uwo mugabo w’imyaka 44 yahawe ishano ari muri Siberiya mu kwezi kw’umunani. Uburusiya bwarahakanye kugira uruhara muri ico gikorwa.
Reta y’Ubudagi ivuga ko Uburusiya bwahagaritse uwacitse kw’icumu yagira agandagurwe ahawe ikirwanisho c’ubumara. Umuvugizi w’iyo reta, Steffen Seibert yasavye irekurwa rya Navalny bidatevye kandi asaba ko hatohozwa ingene yahawe ubwo burozi.
Abandi bategetsi ku mugabane wa Bulaya bateye akamo nk’ako, mu gihe ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu vyavuze ko bihagaritswe umutima n’ihagarikwa rya Navalny.
Umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire, Mike Pompeo nawe yakoresheje nk’ayo majambo, avuga ko atewe impungene n’ifatwa ryiwe.
Mu rubanza yaciriwe ikibiriraho kuri uyu wa mbere, umucamanza yamukatiye kuba arafunzwe ivy’agateganyo iminsi 30.
Abashikirizamanza bipfuza ko igifungo c’imyaka itatu n’igice yaciriwe gihindurwa agafungwa ubuzima bwiwe bwose.
Abategetsi b’Uburusiya bavuze ko Navalny atubahirije igihe yari yaratumiweko kuburanishwa kandi ko ubutungane bubwirizwa kumukurikirana.
Mu kwezi guheze, ubutegetsi bw’amabohero mu Burusiya bwategetse ko ataha mu gihugu kubazwa n’ubutungane canke ashobora gufungwa adatahutse imbere yuko ikiringo yahawe kirangira.