Abasirikare 2 ba MINUSCA Bishwe muri Centrafrika

Abasirikare bo mu nteko za MINUSCA muri Centrafrika ku kambi ya Bossangoa.

Abarobeli bishe kuri uyu wa mbere abasirikare babiri bo mu nteko za ONU zagiye kubungabunga umutekano muri Centrafrika. Umugwi wa ONU wa MINUSCA watanze iyi nkuru, haheze amasaha sentare ntahinyuzwa y’igihugu yemeje ko Perezida Faustin Archange Touadera yongeye gutsinda amatora.

Uru rupfu rushikanye ku basirikare indwi ba MINUSCA bamaze kwicwa kuva abarobeli batanguye urugamba rwo kurwanya Perezida Touadera kw’italiki ya 19 y’ukwezi kwa cumi na kabiri.

MINUSCA yavuze ko abo basirikare bishwe kuri uyu wa mbere bamuka muri Gabon na Maroke kandi baguye mu mutego batezwe mw’ibarabara.

Uwo mutego wagirizwa urunani rw’imirwi yitwaje ibirwanisho rwishize hamwe kandi ari bo bagerageje coup d’etat imbere y’amatora yo kw’italiki ya 27 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Touadera yagiriza uwamutanguriye, Francois Bozize, kuba ari we ari inyuma y’ico gitero.