Umugambwe w’uwutavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Uganda Bobi Wine wavuze kuri uyu w’Imana ko ugiye guhakana ivyavuzwe ko watsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu.
Mathias Mpuuga, wo mu mugambwe National Unity yabwiye abamenyeshamakuru ko bafise ivyemeza vy’ubusuma bw’amajwi n’ubundi bunenge bwabiherekeje kandi ko inyuma yo kubitororokanya bagiye kwitwara nkuko bavyemerewe n’amategeko.
Yabivuze inyuma y’umusi umwe, komisiyo ya Uganda ijejwe amatora itangaje ko Perezida Yoweri Museveni yatsinze amatora y’uyu mwaka wa 2021.
Ibi bitangajwe n’uwo mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi mu gihe abantu babiri ari bo bamaze kwemezwa ko bapfuye mu myiyerekano yabaye kuva hatangajwe ivyayavuyemwo.
Reta zunze ubumwe n’Ubwongereza barashikirije amakenga bafise ku kuri kw’ivyatangajwe, bavuga ko interineti yahagaritswe kuva imbere y’umusi w’amatora.
Bobi Wine yavuze kuri uyu w’Imana ko indorerezi zariko zikurikirana amatora zifise amasanamu ya videwo yerekana ubusuma bwabaye, ariko ko adashobora kubishira ahagaragara kuko ata interineti.
Umugambwe wiwe washikirije ko umukandida wawo hamwe n’umukenyezi wiwe babujijwe gusohoka iwabo, urwinjiriro rw’aho baba ruzibiwe n’abasirikare kandi abagenzi biwe n’abamenyeshamakuru ntibemerewe kwinjira.