Indoneziya: Abategetsi Baramenye Ahari Agasandugu Kirabura k'Indege Yaguye mu Mazi

Abatabara bafise ibiziga vy'abasize ubuzima mw'isanganya ry'indege muri Indoneziya. Isanamu yafashwe kw'italiki 10/01/2021

Ibihimba vy’imibiri, ibisigarira vy’indege hamwe n’impuzu z’abantu vyaratowe mu mazi hafi y’umurwa mukuru wa Indoneziya kuri uyu w’Imana, inyuma y’aho indege yari itwaye abantu 62 igiriye isanganya.

Abategetsi bavuze ko bataramenya icatumye iyo ndege y’ikompanyi Sriwijaya Air, yo mu bwoko bwa Boeing 737-500 ikoroka, inyuma y’iminota ine igihagurutse ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Soekarno-Hatta ku muhingamo wo kuwa gatandatu.

Ariko, ku musi w’Imana, bavuze ko bamenye ahari agasandugu kayo kirabura kabika amajwi. Bavuga ko iyo ari inzira izobaganisha ku kumenya icatumye igwa mu kiyaga Java.

Abajejwe gutwara abantu n’ibintu muri Indoneziya, bavuze ko abahinga mu kwibira mu mazi bagiye gutangura kurondera ako gasandugu kandi bizigiye ko bitazobatwara igihe kinini batarakabona.

Iyo kompanyi y’indege ntiyari bwashikirwe n’isanganya kuva igitangura gukora mu 2003.

Iri sanganya rikurikiye iryabaye mu kwezi kwa cumi mu 2018 muri Indoneziya nyene, aho abantu 189 bapfuye igihe indege y’ikompanyi Lion Air, yo mu bwoko bwa Boeing 737 MAX yakoroka hafi y’umurwa mukuru Jakarta.