Igihugu ca Nijeri kuri uyu wa mbere catangaje imisi itatu y’ikigandaro mu gihugu kandi cemera ko kigiye gukomeza umutekano mu ntara yo mu burengero iri ku rubibe. Aho niho intagondwa zishingiye kw’idini rya kiyisilamu ziciye abanyagihugu 100 ku musi wa gatandatu, nkuko ibiharuro biva muri ako karere bivyerekana.
Umukuru w’igisagara ciciwemwo abo bantu, Almou Hassane yabwiye itangazamakuru ko abagabo batari bake bari ku mapikipiki bishe abantu 70 mu mihana y’ahitwa Tchoma Bangou abandi 30 bicirwa mu mihana y’ahitwa Zaroumadareye.
Bwabaye ubwicanyi bwahitanye abasivile benshi icarimwe mu myaka umunani ako karere ka Sahel kamaze mu ntambara, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe ry’abanyamerika ACLED, rikurikirana buri musi izo ntambara.
Umushikiranganji ajejwe intwaro mu gihugu hagati, Alkache Alhada, yavuze ko abasirikare bagiye kwongerezwa kugira ubwo bwicanyi buhagarikwe.