Igihugu ca Afrika y’Epfo, casinzikajwe n’igice ca kabiri c’iyandura ku bwinshi kw’umugera wa Covid-19, cizeye kuronka incanco za mbere mu kwezi kuza. Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Dr Zweli Mkhize, yabitangaje kuri uyu w’Imana
Mu ndwi ziheze, reta ya Afrika y’Epfo yaranebaguwe, cane cane n’abahinga mu gisata c’amagara y’abantu ko yatevye gutanguza umugambi wo gukingira abanyagihugu mu kubacandaga.
Dr Zweli Mkhize yabwiye abanyamakuru ko hazobanza kurangira ibiganiro n’amakompanyi akora izo nkingo arimwo Pfizer, Moderna na AstraZeneca, hamwe na za laboratware zo mu Burusiya no mu Bushinwa.
Reta ivuga ko itegekanya kuronswa uburyo bw’amafaranga buvuye mu bikorera utwabo hamwe no mu mashirahamwe avuza abakozi.
Afrika y’Epfo kandi yarifatanije n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, mu mugambi waryo wiswe Covax, wo gukwirakwiza kw’isi urwo rucanco.
Mu ndwi iheze, reta yabaye irariha igice ca mbere c’imiliyoni 15 n’ibihumbi 800 z’amafaranga y’abanyabulaya kugira yemererwe kwinjira muri uyo mugambi.
Intumbero ya mbere ico gihugu cihaye ni ugucandaga ibice 67 kw’ijana vy’abanyagihugu baco bangana imiliyoni 59, kugira bahagarike ikwirakwira ry’uwo mugera.
Ku musi wa kane, Afrika y’Epfo yaronse abanduye bashasha barenga 18 000 mu masaha 24.
Nico gihugu ca mbere ku mugabane wa Afrika kimaze gushikana umuliyoni umwe w’abanduye Covid-19.