Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok kuri uyu w’Imana yagize urugendo rw’umwanya muto i Addis Abeba ku murwa mukuru wa Ethiopiya kuganira ku kibazo c’intara ya Tigre. Iyo ntara yabayemwo intambara yatumye ibihumbi vy’abanyagihugu bahungira mu gihugu arongoye ca Sudani.
Hamdok yavuze ko yizeye ko ibiganiro ari vyo bitorera inyishu ibibazo vya politike, ivy’ubuzima bw’abanyagihugu hamwe n’umutekano kandi bizofasha kugarukana amahoro, ituze hamwe n’iterambere ry’ibihugu vyabo hamwe n’akarere.
Urugendo rwiwe rwari rutegekanijwe kumara imisi ibiri, ariko yasubiye muri Sudani inyuma y’amasaha make. Icatumye acira hagati urwo rugendo nticamenyekanye.
Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed we avuga ko uruhagarara muri Tigre rwahagaritswe kandi ko bidakenewe ko Sudani iba umuhuza wo guhagarika intambara.