OMS: Kwicandagisha COVID-19 Ntibikwiye Kugirwa Itegeko

Tedros Adhanom Ghebreyesus, umuyobozi wa OMS

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryavuze ko guhimiriza abantu ubereka iciza co kwicandagisha Covid-19 bishobora gutanga umwimbu mwiza aho kubategeka kubikora nk’itegeko.

OMS yavuze ko igihugu cose gifise uko kizotunganya iryo sekeza ryo gucandaga abanyagihugu baco.

Kate O'Brien, umuyobozi ajejwe igisata co gucandaga muri OMS, yavuze ko guhatira abantu kwicandagisha ku nguvu yoba ari inzira idashika, kandi ko vyagaragaye ku zindi ncanco muri kahise.

O'Brien yavuze ko bishobora kuba nkenerwa ku bakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu ko babwirizwa kwicandagisha kubw’amagara y’abagwayi bakurikirana. Ariko abahinga ba OMS baremera ko hari isekeza rikwiye gutangura rwo kwigisha abanyagihugu akamaro ko kwicandagisha.

Mu gihe ibihugu bigiye gutangura kurungika incanco mu banyagihugu babo mu ndwi canke amezi ari imbere, umuyobozi mukuru wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus yabasavye kwitaho kurusha no gushira imbere ababangamiwe kurusha abandi.

Tedros yavuze ko abakozi bavura kwa muganga bari mu babangamirwa cane, harimwo n’abantu bafise ingwara zikomeye bivanye n’imyaka yabo.