Perezida wa Repubulika ya demokarasi ya Kongo, Felix Tshisekedi kuri uyu w’Imana yavuze ko ategekanya gushinga reta nshasha igizwe n’urunani kandi agabisha ko ashobora gusesa inama nshingamateka no gutumako ayandi matora mu gihe vyoba nkenerwa.
Ibi bitangajwe inyuma y’aho vyankiye ko yiyunga mu runani n’abayoboke bw’uwo yasubiriye Joseph Kabila asanzwe afise abashingamateka benshi mu nama nshingamateka.
Tshisekedi yasubiriye Kabila mu kwezi kwa mbere 2019, mu kubisikanya kwa mbere kwabaye mu mahoro kuva ico gihugu cikukiye kikiganzura intwaro y’Ububiligi mu 1960.
Ariko vyaranse ko perezida ashitsa ivyo yemereye abamutoye biba ngombwa ko arondera kwunga urunani na Front Commun pour le Congo, FCC rw’abayoboke ba Kabila.
Kuri uyu w’Imana, yashikirije kuri televiziyo ko yahisemwo kugena umutegetsi azoba ajejwe kuraba aboja mu runani rushasha ruzoba rugwiriyemwo abagize inama nshingamateka. Bidakunze avuga ko azoca yikora ku bubasha ahabwa n’ibwirizwa shingiro atumeko amatora rusangi.
Tshisekedi yavuze ko amaze ukwezi abaza imigambwe ya politike hamwe n’abandi bafise igihagararo muri politike kandi avuga ko badashigikiye ko umugambwe wiwe Cap pour le Changement, Cach wiyunga urunani n’urunani FCC.