Ubushikiranganji bw’ikigega bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bwafatiye ibihano umunyalibiya Mohamed al-Kani hamwe n’umuhari wiwe w’abarwanyi, Kaniyat muri Libiya, ku vyaha vyo guhohotera agateka ka zina muntu.
Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho mu ndwi iheze Uburusiya buburije ishirahamwe mpuzamakungu ONU guhana uwo muhari.
Amerika ivuga ko umuhari Kaniyat wagandaguye abasivile mu misi iheze, ubahamba mu binogo rusangi 11 mu gisagara ca Tarhouna. Haruhande y’ivyo, uwo muhari wagirizwa kuboreza igufa abantu, no kunyuruza abandi, nkuko ubwo bushikiranganji bubivuga.
Uwo muhari w’abarwanyi umaze imyaka warigaruriye igisagara ca Tarhouna. Amerika ivuga ko ihagarariye abanyagihugu ba Libiya kandi izokoresha uburyo bwose n’ubutegetsi kugira ababangamira agateka ka muntu muri Libiya no kw’isi babihanirwe.
Ibi bihano bifata amatungo yose y’uwo murongozi hamwe n’umuhari wiwe biri muri Amerika.