Abakozi 120 bo mu gisata c’amagara y’abantu muri Aljeriya baramaze kwicwa n’umugera wa corona ku banyagihugu barenga 9000 bamaze kwandura mu gihugu, nkuko bishikirizwa n’umushikiranganji w'amagara y'abantu kuri uyu wa mbere.
Mu gihe igihugu cinjiye mu kiringo ca kabiri c’irwirirana ry’uwo mugera, abaganga batari bake bari mu banyagihugu kubahamagarira kwubahiriza amabwirizwa kugira uwo mugera nturandagate.
Aljeriya ni kimwe mu bihugu vyasinzikaye cane ku mugabane wa Afrika, aho abantu barenga 76 000 bamaze kwandura kuva hagaragaye umuntu wa mbere kw’italiki 25 z’ukwezi kwa kabiri, n’abarenga 2 000 bamaze gupfa.
Perezida Abdelmadjid Tebboune kuva yandura kw’itariki 28 z’ukwezi kwa cumi ariko avurirwa mu Budagi.
Muri uku kwezi reta yarakajije amategeko abuza uruja n’uruza rw’abantu yongera yongereza amasaha abantu bahamagarirwa kuguma mu rugo mw’ijoro.
Ugukoranira hamwe kw’imigwi y’abantu vyarabujijwe kandi n’imbibe zarugawe kuva kw’italiki 17 z’ukwezi kwa gatatu.