G20 Yiyemeje Gufasha mu Gusabikanya Urucanco rwa COVID-19

Abategetso bitabiriye inama ya G20

Umuryango w’ibihugu 20 bitunze kuruta ibindi kw’isi vya G20 vyemeranije mu nama kuri uyu w’Imana ko bizokora utwigoro twose kugira urucanco rwa COVID-19 ruhabwe abantu bose kw'isi.

Ibi biri mw’itangazo rya nyuma ryasozereye inama y'imisi ibiri kuri uyu w’Imana.

Perezida Donald Trump, atarigera agaragara mu banyagihugu kuva atakaje amatora muri Amerika, vyari vyitezwe ko yitabira iyo nama nkuko yabikoze kuwa gatandatu.

Umwami wa Arabiya Sawudite, Salman yuguruye iyo nama kuwa gatandatu asaba ibihugu vya G20 kwiyemeza ko urwo rucanco rugabanganwa ku rugero rungana kw’isi.

Umwami Salman ashikirije ivyo mu gihe kw’isi yose hamaze kwandura abarenga imiliyoni 58 hamwe n’abababa umuliyoni n’ibihumbi amajana ane COVID-19 umaze guhitana, nkuko bishikirizwa na Kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika.

Abakuru b’igihugu vyo mu muryango G20 bahangayikishijwe nuko ico kiza kizocamwo ibice abatunzi n’abakene. Mu kukirwanya, umuryango w’ibihugu vya Bulaya ku rundi ruhande usaba gutororokanya intererano ingana imiliyaridi 4 n’imiliyoni 500 z’amadolari mw'ihingurwa ry’incanco, itangwa ryazo, ibipimo no kuvura abandura mu buryo bwihuta.

Shanseliye w’Ubudagi, Angela Merkel yemeye kuzoterera hafi imiliyoni 593 z’amadolari. Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin yemeye gutanga incanco zahinguriwe n’Uburusiya, Ubushinwa bwemera gufashanya mu ncanco.

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru muri White House, Kayleigh McEnany, yavuze ko Trump yashimikiye ko hakenewe gukorera hamwe kugira ubutunzi bw’isi bwongere kunaguka, ariko ntiyavuze ko Amerika yemeye kugira ico iterereye mu gufasha gusabikanya urwo rucanco kw’isi.

Inama ya G20 y’uyu mwaka yabaye hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo conference kubera ikiza ca COVID-19.

Ibihugu bigize uwo muryango ni Argentina, Australiya, Brezile, Ubwongereza, Canada, Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi, Ubuhindi, Indoneziya, Ubutaliyano, Ubuyapani, Mexique, Uburusiya, Arabiya Saudite, Afrika y’Epfo, Koreya y’Epfo, Turukiya, Reta zunze ubumwe z'Amerika hamwe n’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya.