Trump Yemeza ko Yibwa Amajwi, Biden Asaba Abanyagihugu Gutekana

Perezida Donald Trump ashikiriza ijambo muri White House, kuwa kane itariki 05/11/2020

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kane yaremanze, avuga ku mugaragaro ko ariko aribwa amajwi ariko ata vyemeza abifitiye.

Mu minota 16 yamaze ashikiriza ijambo abamenyeshamakuru n’amanyamerika, ari mu ngoro ya White House, yavuze ko yari imbere mu majwi mu mareta yihindagura mu gutora ariko vyahinduwe mu mpisho. Ni mu gihe guharura amajwi bikibandanya.

Yavuze ati “mu gihe hoharurwa amajwi aciye mu mategeko, nka nkeka ntatsinda." Yongera ati: Mu gihe hoharurwa amajwi atemewe, bariko bagerageza kutwiba amajwi." Perezida Trump yagirije abademokrate ko bariko bagerageza kwiba amatora, mu kwanka ko abarorerezi b’abarepublikani bakurikirana uko guharura bigenda. Yavuze ko batazemera kwibwa, kandi yiteguye kwitwara muri sentare nkuru y’igihugu.

Uwahoze ari icegera ca perezida, Joe Biden, umukandida w’abademokrate bahiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu, gushika ejo kuwa kane yaza imbere mu majwi ku y'abanyamerika batoye amaze guharurwa, no mu majwi y'intumwa z’abanyagihugu bita "Koleje y’abatora", ari nayo yerekana uwutsinze.

Aho yari mu gisagara ca Wilmington, muri Delaware, Biden yavuze ko ibiriko biraba vyose vyerekana uko demokarasi ikwiye kumera, kandi ko rimwe na rimwe bisaba kwihangana, no kurindira.

Biden yagize ati, "ntidukekeranya, igihe guharura bizorangira senateri Harris nanje tuzotangazwa ko twastinze. Ati nsavye umuntu wese kuguma atekanye.

Gushika kuri uyu wa kane ntiharagaragara uwugiye kuzorongora Amerika, aho umudemokrate Joe Biden ariko yari afise amajwi 253 ku amajwi 270 y’intumwa z’abanyagihugu, canke Koleje y’abatora. Nawe Perezida Donald Trump yari afise amajwi 213, ariko asaba ko guharura amajwi bihagarara.

Ibikorwa vyo guharura amajwi birabandanya mu mareta ane abo bakandida bahanze amaso, ari nayo azogaragaza uwuzotsinda. Ayo nayo ni Georgia na Pennsylvania mu buseruko bw’igihugu hamwe na Arizona na Nevada mu burengero bw’igihugu.