Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump hamwe n’umudemokrate bahiganirwa intebe ya perezida, uwahoze ari icegera ca perezida Joe Biden, kuri uyu w’Imana babandanirije imyiyamamazo mu mareta bizeyemwo amajwi menshi. Ni mu gihe kuri uyu wa kabiri ari ryo sango ry’igihugu ry’amatora, azogaragara uwugiye kuzomara iyindi myaka ine muri perezidanse y’Amerika, White House.
Perezida Trump yagendeye reta ya Michigan, aho yaronse amajwi arenga 11000 mu 2016 igihe yatsinda umudemocrate Hillary Clinton.
Trump araboneka kandi incuro zibiri muri Michigan kuri uyu wa mbere, nkuko yabikoze haraheze imyaka ine. Ariko ibiharuro vyerekana ko Biden aza imbere yiwe mu mareta ya Michigan, Wisconsin na Pennsylvania, amareta asanzwe azwi ko ari ayo abademokrate, ayo Trump yatsindiye mu myaka ine iheze, ariko ubu Biden yizigiye kuyigarurira.
Bompi Trump na Biden uko ari babiri baragendeye ayo mareta atatu kuwa gatandatu ko kuw’Imana.
Inyuma ya Michigan, Trump yariyamamarije mu yandi mareta ane barwanira amajwi, Iowa, aho ibiharuro vyerekana ko Biden aza imbere mu majwi. Yaciye yerekeza muri Carolina y’uburaruko, Georgia na Florida, amareta atatu Trump yatsinzemwo mu 2016, asa n’ayazokwihindukiza mu matora y’ejo kuwa kabiri.
Ibiharuro mfatakibanza ku rwego rw’igihugu bibandanya vyerekana ko Biden aza imbere ya Trump, ku majwi 8 kw’ijana.
Gushika ejo hagati y’umusi w’Imana, abanyamerika barenga imiliyoni 93 bari bamaze gutora, hafi bibiri vya gatatu vy’abatoye mu 2016.