Abatavuga Rumwe n'Ubutegetsi muri Cote d'Ivoire Basaba Reta Mfatakibanza

Perezida wa Cote d'Ivoire Alassane Ouattara ariko aratora i Abidjan kw'italiki ya 31/10/2020

Abakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Cote d’Ivoire kuri uyu w’Imana basavye ishingwa rya reta mfatakibanza y’abasivile muri reta ya Perezida Alassane Ouattara y’inyuma y’amatora. Ni inyuma y’umusi umwe habaye amatora batitabiriye, biyamiriza manda ya gatatu yiwe.

Komisiyo y’amatora muri Cote d’Ivoire yaratangaje ibiharuro vy’ibanze vyerekana ko Ouattara aza imbere, ivyari vyitezwe n’abatitabiriye ayo matora.

Imishamirano yabaye muri Cote d’Ivoire mu kwezi kw’umunani igihe Ouattara yavuga ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro rimwemerera kurengana ikiringo ca gatatu, bituma abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuze ko habaye coup d’etat y’amatora.

Imidugararo y’imbere y’amatora yahitanye abashika 30 kandi yatumye haba ubwoba ko hasobora kuba ubwicanyi nk’ubwabaye hagati y’imyaka ya 2010 na 2011, igihe hapfa abantu 3 000 inyuma y’aho Laurent Gbagbo yankiye kwemera ko yatsinzwe na Ouattara.

Pascal Affi N’Guessan atavuga rumwe n’ubutegetsi yavuze ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’imigwi ya politike basaba ishingwa rya reta mfatakibanza irongowe n’abasivile.

N'Guessan yavuze ko batemera amatora kandi bemeza ko ibiringo vya Ouattara vyo kuba ku butegetsi vyarangiye, asaba abanyagihugu kuvyiyamiriza.

Ntaco reta canke umugambwe uri ku butegetsi baravuga kuri ico cipfuzo.

Perezida Ouattara yavuze kuwa gatandatu ko amatora yabaye kandi habayemwo utunenge dutoduto kandi umugambwe wiwe witeze gutahukana intsinzi.

Ibiharuro vya nyuma muvyavuye muri ayo matora vyitezwe ko bimenyekana mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana.