Sudani: Imyiyerekano Yiyamiriza Iduzwa ry'Ibiciro vy'Ibitoro

Abanyagihugu bo mu bisagara bitandukanye muri Sudani bari mu myiyerekano, inyuma y’aho umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu kuwa kabiri adugirije ibiciro vy’ibitoro kugira bifashe kugabanya igihengeri c’amafaranga reta ikoresha.

Igiciro c’ibitoro kimaze kuduzwa incuro zine muri Sudani mu myaka ibiri iheze, kandi ni kimwe muvyateye imyiyerekano mu 2019 yarangiye Omar al-Bashir akuwe ku butegetsi.

Umushikiranganji Khariy Abdelrahman, yavuze ko iyi ngingo izofasha mw’iboneka ry’igitoro no guhagarika abakidandaza mu buryo buteye kubiri n’amategeko.

Igiciro c’amazutu cashizwe ku mafaranga 46 y’amanyesudani kw’ilitiro mu gihe igitoro ca essence cadugijwe ku mafaranga 56. Vyagwijwe kabiri ku biciro vyari bihasanzwe.

Ariko ibihumbi vy’abanyesudani bagiye mu mabarabara kuri uyu wa kane biyamiriza ivyo biciro kandi basaba reta gusubira ku biciro vya kera.

Reta zunze ubumwe z’Amerika iheruka kwemera gukura Sudani ku rutonde rw’ibihugu bifasha iterabwoba, ingingo izotuma Sudani ironswa ingurane n’amakungu no kwunga ubucuti bushasha n’ibihugu hamwe no gukwega abanyamitahe.

Reta yizigiye ko iyo ngingo izofasha kuzamura ubutunzi, bumaze imyaka atako bwifashe, inyuma y’aho igihugu gikumiriwe muri politike mpuzamakungu hamwe n’ibihano vya Reta zunze ubumwe za Amerika.