USA: Imyiyamamazo mu Mareta Abakandida Barwanira Gutsinda

Mu gihe hasigaye imisi itandatu ngo itariki 3 z’ukwezi kwa cumi na kumwe z’amatora muri Reta zunze ubumwe za Amerika zishike, umudemokrate Joe Biden ari mu myiyamamazo mu mareta azwi ko atora abarepublikani. Nawe Perezida Donald Trump ariko ashira inguvu mu mareta yatahukanyemwo intsinzi mu 2016, aho ibiharuro vyerekana ko Biden ashobora kuzoyigarurira.

Kuri uyu wa kabiri, Biden yari muri Georgia. Ategekanya kubandaniriza iyi myiyamamazo muri Iowa, Florida, Wisconsin na Michigan mu mpera z’iyi ndwi. Trump yaratsinze muri izo reta mu 2016, ariko abademokrate bizeye ko Biden afise amahirwe yo kuzigarurira muri aya matora ya 2020.

Imyiyamamazo ya Trump iriko iribanda no ku nkehwa cane cane mu mareta atagira aho ahagaze. Nevada niho perezida ategekanya kuja muri iyi ndwi, ahaba ibitigiri bitari bike vy’abamuka muri Amerika y’epfo bavuga iki espanyole.

Perezida Donald Trump mu myiyamamazo i Lititz, muri Pennsylvania, kw'itariki ya 26/10/2020

Amajambo abo bakandida babiri bashikiriza abanyagihugu ashimikiye ahanini ku mugera wa corona umaze guhitana abarenga 225 000 aha muri Amerika. Perezida Trump avuga ko Amerika iriko irahangana n’ico kiza mu nzira nyayo, mu gihe umukeba wiwe Biden ariho ashimikiye mu kuvuga ko kubona abapfa biyongera vyavuye ko Trump yafashe uwo mugera minenerwe.

Haruhande y’itora ry'umukuru w'igihugu, muri aya matora, umugambwe w’abarepublikani ufise ubwoba ko ushobora kuzotakaza sena aho aribo bayigenzura ku ntebe 53 ku basenateri 100.