Amashirahamwe aharanira ubwigenge bw’umwuga wo kumenyeshamakuru hamwe n’abamenyeshamakuru muri Tanzaniya bagiriza reta gucecekesha abanegura Perezida John Magufuli, mu gihe kuri uyu wa 28 ukwezi kwa cumi Tanzaniya itunganya amatora y'umukuru w'igihugu.
Abategetsi ba Tanzaniya muri uyu mwaka barahagaritse ibimenyeshamakuru, bimwe bibuzwa gutangaza no kwandika amakuru.
Ikigo co kumenyesha amakuru co mu karere ko muri Afrika y’ubumanuko gikorera muri Tanzaniya (MISA), kivuga ko catororokanije aho igiporisi cagiye gihohotera abanyamakuru.
Umukuru w’ico kigo MISA, Salome Kitomari, avuga ko bagerageje gukorana n’igiporisi kugira babone ko abamenyeshamakuru bakingiwe.
Avuga ko habaye ibitero bitari bike ku bamenyeshamakuru mu gihe baba bariko barakora umwuga wabo.
Salome avuga ko mu bihe vy’amatora muri Tanzaniya, abategetsi bo mu gisata co kumenyeshamakuru bahagaritse no guca amande ibinyamakuru bitari bike vyatangaje amakuru anebagura ubutegetsi.
Abategetsi ba Tanzaniya barahakana ivyo vyagiriji vyo guhungabanya ubwigenge bwo kumenyeshamakuru kandi bakavuga ko ibinyamakuru vyose bishobora gukorana umwidegemvyo mu gihe vyubahirije amategeko.
Icegeranyo co mu 2020 c’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, Reporters Sans Frontieres gishira Tanzaniya ku mwanya w’124 ku bihugu 180 mu guha ubwigenge abamenyeshamakuru.