Kuki Perezida Kenyatta Yipfuza Umushikiranganji wa Mbere Imbere y'Amatora?

Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, icegera ciwe William Ruto hamwe n'uwo batavuga rumwe Raila Odinga batanguza umugambi wa reta wo kurondera icohuza abanyakenya.

Umurwi washinzwe muri Kenya kugira uhuze abanyeporitike, kuri uyu wa gatatu warashize ahabona ivyohindurwa mw’ibwirizwa shingiro, harimwo gushiraho ikibanza c’umushikiranganji wa mbere, kugira indyane zishingiye kuri poritike zitorerwe umuti, imbere y’amatora yo muri 2022.

Iyo raporo imaze imyaka ibiri irindiriwe yahawe Perezida Uhuru Kenyatta hamwe n’uwo batavuga rumwe, yahavuye aba incuti yiwe muri poritike, Raila Odinga. Iyi raporo irimwo icofasha abanyakenya kugira hakomezwe ubumwe mu gihugu no kurinda imvururu za poritike hamwe n’ugucanamwo gukunda kwibonekeza inyuma y’amatora.

Umushikiranganji wa mbere ashobora kuzotorwa mu mugambwe wiganje mu nama nshingamateka kandi akazoba afise igikorwa co kuba umukuru wa reta, nkuko iyo raporo ibivuga.

Kenyatta ntiyemerewe kwitoza mu kiringo ca gatatu mu 2022, ariko kubona ariko arihutisha izi mpinduka afadikanije na Odinga, vyateye amakenga bamwe ko abo banyeporitike boba bariko barondera ingene bogabangana ubutegetsi inyuma y’amatora.

Kenyatta yahakanye ayo makenga aho yari mu gisagara ca Kisii, mu burengero bwa Kenya, aho yakiririye iyo raporo ari kumwe na Odinga, nawe nyene yavuze ko ivyo bihuha ari poropagande.

Kenyatta yavuze ko icohinyanyurwa cose mw’ibwirizwa shingiro gitegerezwa kwemezwa biciye muri referandumu.

Ibi birori vyo kuri uyu wa gatatu ntivyatumiwemwo icegera ca perezida, William Ruto, yari yaremerewe kuzoba umukandida mu 2022 inyuma kwiyamamazanya na Kenyatta incuro zibiri, ariko aca ashirwa ku ruhande kuva igihe Kenyatta na Odinga bashize hamwe mu 2018.