Umushikirizamanza mukuru wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, Fatou Bensouda, ari i Khartoum muri Sudani, kugerageza kwumvisha reta mfatakibanza gutanga uwahoze ari perezida w’ico gihugu, Omar al-Bashir. Abandi arondera ni abahoze ari abategetsi bakuru ku vyaha vyo mu ntambara n’ivy’ihonyabwoko ibagiriza ko bakoze mu ntara ya Darfur.
Bensouda ariko kandi ararondera imigenderanire na Sudani yo kurengutsa imbere ya sentare umukomanda w’igisirikare, Ali Kushayb yishikanye kuri CPI mu kwezi kwa gatandatu.
Bensouda yashitse i Khartoum ku musi wa gatandatu. Rubaye urugendo rwa mbere rutangajwe ko Bensouda n’abandi bategetsi ba CPI bagendeye Sudani kuva iyo sentare itanguye gukora kuri dosiye z’abahoze ari abategetsi ba Sudani.
Mu myaka ya 2009 na 2010, CPI yarasohoye imitahe ibiri yo gufata Bashir kuvyaha vy’ihonyabwoko n’ivyaha kuri kiremwa muntu mu ntambara yabereye muri Darfour hagati y’imyaka ya 2003 na 2008. Iyindi mitahe yarungikiwe abandi bategetsi batatu ba politike n’aba gisirikare bahoze muri reta ya Bashir.
Bashir ari mw’ibohero i Khartoum inyuma yo kwigirwa n’ivyaha vya ruswa.
Abandi babiri bahoze ari abategetsi muri reta ya Bashir, Abdel-Rahim Muhammad Hussein, yigeze kuba uw’intwaro mu gihugu hagati, uw’umutekano no kwivuna abansi, na Ahmed Haroun, yahoze ari umutegetsi mukuru mu bajejwe umutekano, barahagaritswe kuva igisirikare ca Sudani gikuriye Bashir ku butegetsi mu kwezi kwa kane 2019 inyuma y’amezi y’imyiyerekano.