Abatalibani bemereye inteko za Reta zunze ubumwe z’Amerika kugabanya abicwa n’intambara muri Afuganistani inyuma y’ubwicanyi buhitiye bwatumye havyuka amakenga ku biganiro vy’amahoro. Intumwa ya Amerika muri Afuganistani, Zalmay Khalilzad yabivuze kuri uyu wa kane.
Zalmay Khalilzad yafashije muri ayo masezerano n’abatalibani yo kuwa 29 z’ukwezi kwa kabiri avuga ko abanyefuganistani bapfa muri ibi bihe ari benshi.
Khalilzad yavuze ko we na Jenerali Austin Miller, komanda w’inteko za Amerika muri Afuganistani, babonanye n’abatalibani akatari gake baganira kugushira mu ngiro ayo masezerano.
Mu masezerano yo mu kwezi kwa kabiri, Abatalibani bemeye kutazongera guha icumbi intagondwa z’abanyamahanga batera Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Abatalibani ntibemeye ariko nimba bazorangiza intambara na reta yemewe n’amakungu y’i Kabul ariko bavuze ko bashobora kuzoganira amasezerano yo guhagarika imirwano.