Uganda: Ubutegetsi Bwagirizwa Gushaka Gukumira Abandi mu Matora y'Abashingamateka

Bobi Wine, atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda i Kampala, Uganda.

Abakandida mu matora y’abashingamateka yimirije muri Uganda bahawe gushika ku musi wa kane ngo bazobe bamaze kuriha amadolari hafi 800 y’abanyamerika kuri komisiyo y’amatora kugira baronke uburenganzira bwo kwitoza.

Mu gihe bamwe badashobora kuronka ayo mafaranga, imigambwe imwe ya politike yahisemwo kwifashisha imbuga ngurukana bumenyi zo guhanahanako amakuru basaba ubufasha abanywanyi babo. Abasesenguzi bavuga ko ayo mafaranga ari menshi kandi bituma ayo matora yorohereza abatunzi.

Mu ndwi iheze, umushingamateka, Robert Kyagulanyi, azwi cane kw’izina rya Bobi Wine, yasavye abanywanyi biwe kuri izo mbuga za interineti gufasha abakandida baharanira ubushingamateka kw’izina ry’umugambwe wiwe National Unity Platform.

Yavuze ko mu gihe igihe co gutanga abakandida cegereje kurangira, benshi mu bakandida mu mugambwe wiwe, cane cane abo mu burengero n’uburaruko bwa Uganda bashobora kutabasha kwitoza kuko badafise ayo madolari 800 angana miliyoni zitatu z’amashilingi y’amaganda.

Wine yagiriza Perezida Yoweri Museveni hamwe n’abo bafatanije kunaniza abatavuga rumwe nabo kugira babivemwo.

Amatora y’abashingamateka n’aya perezida muri Uganda ategekanijwe mu kwezi kwa mbere canke ukwa kabiri k’umwaka uza. Umugambwe uri ku butegetsi, NRM, ufise hafi 2 vya 3 vy’intebe mu nama nshingamateka ihari ubu.