Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok, yavuze kuri uyu w’Imana ko kugumiza igihugu ciwe ku rutonde rwirabura rwa Reta zunze ubumwe z’Amerika rw’ibihugu bifasha iterabwoba bibangamiye umugambi wiwe wo gushitsa igihugu mu nzira ya demokarasi.
Sudani yashizwe kuri urwo rutonde mu 1993, ku ntwaro ya Omar al-Bashir yagirizwa guha indaro uwahoze ari umukuru wa Al-Qaeda, Osama bin Laden.
Mu kiganiro cashizwe ahabona kuri uyu w’Imana, Hamdok yavuze ko ivyo bihano vyazingamitse ubutunzi bw’igihugu. Yavuze ko gukura Sudani kuri urwo rutonde bizohindura kinini.
Mu kwezi guheze, Isirayeli yarasinye amasezerano yafashijwemwo na Amerika yo kunagura imigenderanire na Emirat z’Abarabu zunze ubumwe na Bahrain, kandi reta ya Perezida Donald Trump itegekanya gukurikiza Sudani kuri urwo rutonde.