Muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, Visi perezida Mike Pence yavugiye reta ya Trump ku kuntu yitwaye mu rugamba rwo kurwanya ikiza ca Covid-19 kimaze guhitana ubuzima bw’abanyamerika barenga 210 000. Ku rundi ruhande umudemokrate bahiganwa, Senateri Kamala Harris, yaneguye ico yise “Ukunanirwa kurenze urugero kwa reta” kuri ico kiza.

Hari mu kiganiro mpaka cabaye mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu hagati y'abahiganirwa kuva ivyegera vya perezida mu matora yo kw'itariki ya 3 ukwezi kwa cumi na kumwe uyu mwaka, ahanini cashimikiye ku kiza ca corona.

Mu gihe Perezida Trump ariko aratora mitende i Washington, inyuma yo kwandura uwo mugera, senateri Kamala Harris yavuze ko atazokwicandagisha mu gihe vyogaragara ko urucanco rwohabwa uburenganzira na Trump ku nyungu ziwe, kiretse abahinga muvyo ubuvuzi bavyemeje.

Visi perezida Pence, asanzwe arongoye umurwi washinzwe na perezida guhangana n’ico kiza ,yemeje ko igihugu cinjiye mu bihe bikomeye uyu mwaka. Ariko yavuze ko Perezida Trump ku musi wa mbere ico kiza kigitera Amerika yashize amagara y’abanyamerika imbere y’ibindi vyose.

Iki kiganiro catanguye gisa nuko abo bakandida babiri bipfuza kuzoba ivyegera vya perezida bishamiranye, ariko muri rusangi cabayemwo ukwubahana ugereranije n’icahuje perezida Trump na Joe Biden mu ndwi iheze.

Muri iki kiganiro ca mbere hagati y’aba bariko baharanira intebe ya Visi perezida, kabaye akaryo kahawe abatora guhitamwo Pence canke senateri Harris kuwuzoba iruhande ya perezida mushasha.

Kibaye mu bihe bikomereye abarepublikani cane cane, aho hari amakenga yatewe nuko abategetsi batari bake ba reta muri White House, mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe no murwi w’imyiyamamazo ya Trump banduye uwo mugera kandi bikumiriye ukwa bonyene.

Abo bakandida bahaririye ku kibazo c’amatagisi, aho bagarutse ku kuntu Trump yanse kwerekana uko yatanze amatagisi mu myaka ine naho yama avuga ko azobikora. Ikinyamakuru The New York Times canditse ko perezida yatanze amatagisi make cane mu myaka iheze kandi ko aheranye amamiliyoni y’amadolari.

Harris yavuze ko afise igishika co kumenya uwo Trump aheranye.

Pence yavugiye Trump ko ari umugwizatunga yatanze ubuzi kuri benshi kandi yatanze amatagisi atagira uko angana.

Mu gihe iki kiganiro cavuze ko bibazo bitari bike, ikibazo ca corona cagumye kiza imbere.