Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, yavuze kuri uyu wa kabiri ko ategekanya kwitabira ikiganiro c'impaka kigira kabiri na Joe Biden wo mu mugambwe w’abademokrate. Yavuze ko azoba ameze neza ku mugoroba wo kuwa kane, igenekerezo rya 15 ukwezi kw’icumi muri ico kiganiro kizobera mu gisagara ca Miami, muri reta ya Florida.
Ni inyuma y’aho ku musi wa kane yapimwe asanga yaranduye Covid-19 aca atwarwa gukurikiranwa n’abaganga mu bitaro, aho yamaze amasaha 72 imbere yuko atahuka kuwa mbere ku mugoroba.
Kwitabira ico kiganiro, aho abo bakandida bazokwishura ibibazo vy’abazotora, bishobora kugira ingaruka mbi ku magara y’abantu. Ikigo kijejwe kugenzura no gukinga indwara, CDC, gihanura ko umuntu yanduye Covid-19 ashobora kwanduza abandi kuva ku misi 10 na 20.
Umurwi udaharanira inyungu z’amafaranga, ukurikirana ibiganiro hagati y’abaharanira ikibanza ca perezida kandi ukanafasha mu buryo bw’amafaranga, ntaco uravuga kuri iki kibazo.
Perezida Trump yatahutse muri White House ku mugoroba wo kuwa mbere. Umuganga amukurikirana, Dr. Sean Conley, yavuze kuri uyu wa kabiri ko perezida yapimwe mw’ijoro, kandi ko uyu musi ata bimenyetso vy’indwara agaragaza.
Trump yahanuye abanyamerika kudatinya COVID-19 inyuma y’aho atahukiye avuye mu bitaro.
Umugera wa corona umaze kwica abantu 210 000 muri Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’abababa imiliyoni 7 n’ibihumbi 500 bamaze kwandura mu gihugu cose, nkuko bitangazwa na kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika.