Igitero c'Umwiyahuze Cishe 8 muri Afuganistani

Igitero ku miduga yari itwaye buramatari w'intara ya Laghman muri Afghanistani.

Abategetsi muri Afuganistani bavuze ko igitero c’umwiyahuzi kuri buramatari cishe abantu hafi umunani kuri uyu wa mbere.

Abantu 28 bakomeretse igihe umwiyahuzi yinjiza imodokari yiwe yuzuye ibisasu mu murwi w’imodokari harimwo iyitwaye Rahmatullah Yarmal, buramatari w’intara ya Laghman mu buseruko bw’igihugu.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, Tareq Arian, yemeje ico gitero yongera avuga ko hafi abapfuye bose ari abasivile.

Vyabaye mu gihe Perezida Ashraf Ghani aza yashitse i Doha kuri uyu wa mbere kubonana n’abategetsi ba Qatar, inyuma y’indwi zitatu hatanguye ibiganiro vy’amahoro hagati ya reta ya Afuganistani n’Abatalibani.

Ivyo biganiro bigamije kurangiza intambara imaze imyaka 19 muri Afuganistani, vyarikweze kuva aho habereye kutumvikana ku kuntu ivyo biganiro bizogenda.

Nta muhari wiyitiriye iki gitero c’i Laghman, ariko Abatalibani bafiseyo abarwanyi kandi bakunze kugaba ibitero.

Ku musi wa gatandatu, umwiyahuzi yaturikije imodokari yuzuye ibisasu ku rwinjiriro rw’inyubakwa ya reta mu buseruko bw’intara ya Nangarhar, hapfa abantu 15, bagizwe ahanini n’abasivile, nkuko vyavuzwe n’abategetsi.