Sudani: Isekeza ryo Guturira Ibirwanisho biri mu Minwe y'Abanyagihugu

Igisirikare ca Sudani catanguje isekeza kuri uyu wa kabiri ryo kwaka ibirwanisho ababitunze bitisunze amategeko, mu gihugu gikwirakwiyemwo inkoho, inyuma y’intambara zamaze imyaka hagati y’abenegihugu. Haturiwe ibirwanisho 300 000 kuri uyu munsi.

Liyetena General Ibrahim Jaber Ibrahim, wo mu kanama karongoye igihugu ivy’imfatakibanza yavuze ko igihugu casinzikaye bikwiye kandi ko ingingo zikomeye zigiye gufatwa kugira ibirwanisho ntibigume mu minwe y’abatabifitiye uburenganzira. Hari igihe vyariko biraturirwa mw’ikambi ya Hager al Assal, iri ku birometero 200 mu buraruko bw’umurwa mukuru Khartoum.

Igihugu ca Sudani camye mu ntambara kuva cikukira mu 1956, ariko intambara yasinzikaje igihugu cane yatanguye mu 2003 mu ntara y’uburengero ya Darfur.
Ubushakashatsi bwakozwe n’ishirahamwe rigenzura ibirwanisho bito bito bwerekanye ko Sudani yarimwo ibirwanisho imiliyoni 2 n’ibihumbi 760 bitunzwe bitisunze amategeko, ni kuvuga inkoho 6 kuri buri abantu 100.

Igisirikare ca Sudani cavuze ko ibirwanisho vyaturiwe kuri uyu wa kabiri vyatanzwe n’abantu ku bushake bwabo mu kiringo c’imyaka itatu.
Umukuru arongoye uwo mugambi, jenerali Abdel Hadi Abdallah, yavuze ko ubu bitakiri ukubitanga ku bushake, ariko ari itegeko.