Perezida Trump na Biden Bagirizanya ku Cibazo ca Covid-19

Perezida Donald Trump, ibubamfu, n'umudemokrate Joe Biden, iburyo, bishura ibibazo vy'umunyamakuru mu kiganiro ca mbere cabahuje. Cleveland, Ohio, itariki 29/09/2020

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, ejo mw’ijoro kuwa kabiri Perezida Donald Trump azohagararira abarepublikani mu matora yo mu kwezi kwa cumi na rimwe, na Joe Biden azohagararira abademokarate muri ayo matora nyene, mw'ijoro barahanganye mu kiganiro bazazwa ku bibazo bitandukanye.

Ico kiganiro cabereye muri Reta ya Ohio mu gisagara ca Cleveland, gica ku mboneshakure aho abanyamerika amamiliyoni bari ku mateleviziyo bumviriza kugira barabe uwo bazohitamwo mu gihe bamwe baza baramaze gutora.

Ibibazo vyagarutsweko ni ibijanye no kwivuza, kurwanya ikiza ca corona, ivyerekeye amatagisi, ivangura rifatiye ku rukoba hamwe n’amatora.
Abajijwe nimba azokwemera ibizova mu matora, Perezida Donald Trump yishuye avuga ko ibizoyavamwo bizomenyekana neza inyuma y’amezi, aca ku ruhande nimba azoshira aho abanyagihugu bazoshira. Yavuze ko bitazorangira neza. Yasavye abanywanyi biwe kuja ku biro vy’amatora gucungera neza.

Umudemokarate bazohiganwa Joe Biden yaremeye ko azemera ibizoyavamwo, ati: “Mu gihe notsinda, canke ntotsinda nzovyemera uko”.

Ku kibazo co gukingira abirabure, Joe Biden yavuze ko Perezida Trump ataco yakoze kugira abakingire kandi ko atari umukiza wabo. Yavuze ko umwirabure 1 ku 1000 yishwe na COVID 19 kandi mu gihe ata cokorwa vyihuta hagiye kuzopfa umwirabure 1 ku 500.

Abajijwe ikibazo ca COVID-19, Perezida Trump yaciye agihunga, asimbira kw’itegeko ku bwicanyi ryemejwe mu 1994, iryo Biden yafashije mu kwandika kandi anegura ko ryongereje ibihano ku vyaha bimwe bimwe bijanye no kunywa ibiyayuramutwe.
Trump yagize ati, "ndiko ndabohora abantu ubu," yongerako ko Biden yafashe nabi abirabure kurusha abandi mu gihugu.

Joe Biden yakunze kwagiriza Perezida Donald Trump ko yananiwe gukingira abanyamerika ikiza ca corona, mu gihe Trump yavuze ko iyo atugara imbibe Amerika iba imaze gutakaza abanyagihugu barenga imiliyoni zibiri.

Joe Biden yavuze ko Perezida Trump ariko yihutisha kugena umushikiriza manza muri sentare nkuru y’igihugu kugira aronke ingene akuraho asiranse zo kuvuza abanyamerika yashizweho ku ntwaro ya Obama, yiswe ObamaCare.

Cabaye ikiganiro caranzwe no guterana amajambo, kudahana umwanya no kutihanganirana.

Ni ubwa mbere Donald Trump na Joe Biden bahura amaso mu yandi mu kiganiro kibahuza.