Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, kandida w’umudemokrate mu matora y’umukuru w’igihugu, Joe Biden, yagirije Perezida Donald Trump kuri uyu w’Imana ko ariko yihutisha igenwa ry’umushikirizamanza mushasha muri sentare ntahinyuzwa y’igihugu kugira ahanagure itegeko ritegekanya uburyo abanyamerika bivuza. Iryo tegeko ryasizweko na Barack Obama yahoze ari perezida, rizwi kw’izina rya, “Obamacare”. Ni mu gihe Amerika ihanzwe n’ikiza ca Covid 19 kuruta ibindi bihugu kw’isi.
Perezida Trump yahisemwo Amy Coney Barrett, amushima ukuntu abona ivy’amadini, kugira asubirire nyakwigendera Ruth Bader Ginsburg aheruka kwitaba Imana. Guhitamwo Barret bibonwa ko bishobora kugira ico bizohindura ku bibazo bikomeye abanyamerika batumva kumwe harimwo ugukorora imbanyi, uburenganzira bwo gutunga inkoho no mu gisata co kwivuza.
Kumuhitamwo hasigaye indwi zitanu ngo habe amatora ya perezida, ayo ibiharuro vyerekana ko Trump ari inyuma ya Biden mu majwi, vyatumye abademokrate basaba ko iyo ngingo yofatwa n’uwuzotsinda amatora.
Biden yabwiye abanyamakuru kuri uyu w’Imana ko Perezida Trump hamwe n’umugambwe w’abarepublikani bariko bihutisha igenwa rya Barrett kuko bahabona akaryo ko gukura itegeko ritegekanya uburyo abanyamerika bivuza ryiswe Obama Care.
Yasavye kandi sena kubangira iyemezwa rya Barret gushika amatora abaye, kuko ngo abanyamerika baza batanguye gutora.
Yagize ati: "Ntaho vyigeze kuba muri kahise ka Amerika aho umushikirizamanza wa sentare ntahinyuzwa agenwa akongera agashirwa mu mabanga mu gihe igihugu kiri mu bihe vy’amatora y’umukuru w’igihugu."
Abasenateri b’abarepublikani, biganje muri sena ku bitigiri 53 kw’100 bizeye kwemeza Amy Coney Barrett.
Umukuru wa sena igenzurwa n’abarepublikani, Mitch McConnell, umurepublikani, yaramaze gutangaza ko itora ryo kumwemeza canke kumuhakana rizoba muri uyu mwaka.